Agaciro Media

🔴Amafaranga angana n'umuriyaridi umwe n'imiriyoni amajana icenda (1 900 000 000$) y'amadorare ya Amerika niyo ibanki y'isi ifasha mu migambi ya Reta y'Uburundi.

Vyashikirijwe na Nestor #Ntahontuye, ubushikiranganji w'ikigega ca Reta. Hari kuri uyu wa 17.4.2025, i Bujumbura aho hari hajejeje kuba umubonano w'abagize ibanki y'isi mu Burundi n'abagize Reta kugira barabire hamwe ivyakozwe n'iyo mfashanyo.

Ayo mafaranga akaba ariko afasha mu migambi 16 irangurirwa mu Burundi hamwe n'imigambi 3 ihurirwako n'ibihugu nk'URwanda, Tanzaniya na Congo.

Urugero rwo gushira mu ngiro imigambi ifashwa n'ibanki y'isi ruracari hasi mu #Burundi, ndetse no muri Afrika nk'uko bibandanya vyemezwa na Nestor #Ntahontuye. Ku bice 25 kw'ijana y'amafaranga yari gukoreshwa muri iyo migambi hakaba hakoreshejwe ibice 13,3%.

Imigambi imwimwe ntiyarangutse kubera intambamyi zo guhanahana amakuru no gukorana bitagenze neza haba muri banki y'isi mu Burundi no mu bushikiranganji butandukanye. Iteba ry'amadosiye kugira ibikorwa bije mu ngiro, ikibazo c'igitoro naho ubu catorewe umuti hamwe n'ingorane z'ubuhinga haba kuri banki y'isi mu Burundi no mu bushikiranganji.
Nestor #Ntahontuye aha akaba yamenyesheje ko hategekanijwe umwiherero kugira higwe icokosorwa.

Tubibutse ko iryo huriro ryari ryatewe iteka n'umushikiranganji wambere wa Reta y'Uburundi, Gervais #Ndirakobuca, hamwe na Albert #Zeufack, umuyobozi ajejwe ibikorwa vy'ibanki y'isi mu #Burundi, #Rwanda, Angola na #Sao_Tomé_Principe.

Namwe mubona ari iki cokorwa kugira imfashanyo y'ibanki y'isi mu Burundi ikoreshwe yose?

1 week ago | [YT] | 49