AKEJO Media – Inspiring, educating, and entertaining through film, comedy & digital content.


AKEJO MEDIA

IGIKORWA C’UBUNTU: AKEJO MEDIA KU BANTU BARI MU NGORANE (ku wa 22/12/2025)
Muri uku kwezi kwa 22/12/2025, AKEJO MEDIA yarateguye igikorwa gikomeye c’ubuntu n’ugufashanya, kigaragaza ko yiyemeje gufasha abantu bari mu ngorane , mu rwego rwo kwizihiza Noheli. Iki gikorwa co gugufasha cahuriyemwo impfuvyi, abagore bapfakazi n’abantu b’impumyi, bose bahuriye mu kibanza kimwe .
Muri uwo musi, hagatanzwe imfungurwa n’ibinyobwa ku mpfuvyi, abagore bapfakazi n’abantu b’impumyi, bitabafasha gusa kuronka ico bafungura, ariko kandi bibaha akanya k’ihumure n’akanyamuneza. Ku bantu b’impumyi bari bitavye ico gikorwa, AKEJO MEDIA yarabahaye amabaruwa arimwo amafaranga nk’ikimenyetso c’ukubashigikira, mu ntumbero yo kubafasha mu gushitsa bimwe mu bikenewe vyabo vya misi yose.
Iki gikorwa caranzwe n’umunezero mwinshi n’uguhanahana ijambo ririmwo urukundo. Amajambo yo kubatera intege yaratumye habaho ikirere c’ubuvukanyi n’icizigiro.
Biciye muri iki gikorwa c’ubuntu, AKEJO MEDIA yarongeye kwemeza ko itumanaho ritagarukira gusa ku bitangazamakuru, ahubwo rinyura no mu bikorwa bifatika vy’urukundo, ugusangira n’ubumwe bw’abantu.

5 days ago | [YT] | 13

AKEJO MEDIA

#Rwanda : NGO ARANUKA CANEE KURUSHA NONE AGAHINDA NI KENSHII.

Tabara tabara tabara uno mwigeme ntiyiyahure
Amajambo ariko acanacanako aho hakurya mugihugu kibanyi cu Rwanda

#NyamboJesca uzwi nka #MissNyambo ariko avugwako amwe mumajambo atari meza nagato naho arimwiza ngo anuka IGIKAKWE uno mwigeme yabuze aho ahungira kuko aho aciye hose inkuru asanga yamutanzeyo hari uwavuzengo muri #ShowBiz kunuka kwiwe kuri kuri hit kurusha #AhaNihe ya #KirikouAKili imaze imisi iri kubikora.

ibintu ubonako biri kuyindi mpwempu

#Rwanda #nyambo #MISS #AKEJO

1 week ago | [YT] | 12

AKEJO MEDIA

KABAYEEEEE UBUHO SAT-B ASHAKA IKI KURUNO MU MAMA WABANDI😄😄

ni post Gyna yapost abwira Sat-B ati ndeka nditinyira abenshi bariko bibaza ati uyumujama yoba ashaka gusaka..... canke haribindi vyihishije inyuma nakazi basanzwe bakora?
canke yoba yipfuza gukwirikiza cakibondo #GYNELLA AHERUKA KWIBARUKA.

REKA TUYRINDIRE TUBIHE AMASAO

#ejomagazine #GYNA #SAT-B

1 week ago | [YT] | 16

AKEJO MEDIA

Wipfuza kumenya amabanga ari muri cinema ndundi kwirikirana akasamutwe hano kuri akejo media.

youtube.com/live/9eHq2pbuK3w?feature=share

3 weeks ago | [YT] | 22

AKEJO MEDIA

Kuri uyu musi wa gatanu igenekerezo rya 21/11/2025 mu kiganiro ca AKEJO SPORTS cama kiba guhera ku wa mbere gushika kuwa gatanu isaha zitatu gushika isaha zitandatu [9H00'-12H00'] ikiganiro mwama mushikirizwa n'abamenyeshamakuru aribo Clovis Ludic NSENGIYUMVA, Patrick RUKUNDO hamwe na Yuston THEO twari dufise umutumire Firmat Doue akorera insamirizi EJO HEZA FM.

Akejo media ikaba imushimiye kuba yitavye ubutumire.

1 month ago | [YT] | 10

AKEJO MEDIA

AKASAMUTWE, AKASAMUTWE,AKASAMUTWEEEEE..😃😃😃😃😃
woba wipfuza gutwenga naho uteramira uhejeje gufungura canke uriko ufungura ntutangwe nibi.
bakunzi ba akejo media, twashaka kubamenyeshako uburongozi bwa Akejo media bwabateguriye ikiganiro kidasanzwe citwa #akasamutwe ni ikiganiro kigiye kuza kiraca ikibiriraho (live) kuri youtube na fecebook vya akejo media. kikazoza kiraba gatatu mundwi: kuwa mbere, kuwa gatatu, ndetse nokumusi wagatanu.
kikazoza kiratangura igihe c'isaha indwi ninusu zumuhingamo gushika igihe c'isaha umunani ninusu (13h30'-14h30')
Ico kiganiro kikozoza gufasha kuduza impano nokurondera impano zigihugu zazimiye zabaszwe bakina comedy canke amareresi ndetse hazoza haraba nubushimwe buzoza butangwa kuwigenjeje neza kurusha abandi.
Ico kiganiro kikazohora kiremeshwa nigihangange gikomeye mugutwenza hano mugihugu ndetse catahukanye nihiganwa rya AKEJO NEXT STAND UP COMEDY akaba ariwe Marezo comedian
tukozabo turikumwe kandi nuwundi Mukobwa adasanzwe mugukina amareresi ndetse akavuna nimbavu abantu iyo ariko akina akaba ariwe @constance niyo.
Uwanyuma niwa musore wanyu nawenyene mumumenyereye mumareresi menshi agiye atandukanye ndetse akaba azi nokugorora imbavu za benshi bamukwerikirana uwonawe suwundi ni MAYERIIII.
Woba wipfuza kuronka ico uteramirako uhejeje gufungura akejo media yabiyumviriyeko murahawe ikaze

1 month ago | [YT] | 10

AKEJO MEDIA

🚨🚨👀 Karim Benzema yatanze ubutumwa kuri Kylian Mbappé n'igihe arimwo muri Real Madrid…
“Mbappé ariko arigenza neza cane muri uyu mwaka; gutsinda ibitsindo si ibintu bishasha kuri we. Yarabikoze muri PSG, kandi no muri Real Madrid azozobikora incuro nyinshi.
Ivyo twiteze kuri Kylian ni uko iyo aronse akaryo, aca agitsinda. Uko ni ko Real Madrid ikora.
Real Madrid iramukeneye cane, kandi hariho inkino zimwe na zimwe agomba gutsindamwo, nk’izo dukina na Atlético Madrid, Liverpool… Ayo ni amakipe yicara inyuma, agomba kwitanga, agakina neza muri izo ngorane. Agomba gukorana neza na Vini Jr.
Real Madrid irindiriye Mbappé mu bihe nk’ivyo, kugira ayiheshe Champions League. Nibaza ko abishoboye hamwe n’abandi bakinnyi. Ntashobora kubikora wenyene. Akeneye Vini Jr, n’abandi bakinnyi… uko niko biri.
Nibaza ko Vini Jr, Mbappé, Rodrygo (n'ubwo adakina cane), Bellingham… bagomba kuganira. Umwe aba ari uwo gutsinda ibitsindo, uwundi atanga imipira.
Ntidushobora gusaba Bellingham ngo abe ari we atsinda ibitsindo kuko ico ni co gikorwa ca Mbappé, kandi ntituzomusaba ngo abe numéro 10 kuko ico ni ic’akazi ka Bellingham. Bagomba kuganira.
Ubu yigenza neza, ariko agomba kwitaho cane ibi bihe Real Madrid imukeneye, kuko afise vyose bikenewe kugira abishobore.”
source fabrizio Romano

1 month ago | [YT] | 7

AKEJO MEDIA

🌩️🌩️Umuririmvyi w’indirimbo za gikirisu wo mu Rwanda, Ishimwe Vestine, yavuze yicuza cane ku vyerekeye ukwinjirana mu mubano n’uwo baheruka kwubakana, Idrissa Jean Luc Ouédraogo.
Ari mu rugendo i Canada, Vestine yanditse ku mbuga ngurukanabumenyi avuga ko aho ageze ari ingaruka z’“ingingo mbi yafashe,” yongerako ati: “Nta mugabo ukundi azonsubira kubesha canke kunsenya ubuzima.”
Inyuma y’ubukwe bwabo bwabaye ku wa 5 Mukakaro 2025, Vestine yahanaguye amafoto yose y’uwo bahoze bubakanye kuri Instagram. Yavuze ko uwo bazobana hanyuma azoba ari umuntu azi neza, kandi ko atazosubira kuganzwa.
Gushika ubu, ivyo kumenya vyinshi kuri we ntivyashobotse kuko atabonetse kugira agire ico abivugako

1 month ago | [YT] | 7